Burundi

Icegeranyo c'ivyabaye
Inkuru iramvuye
OMS 2020
OMS 2020

Uburundi buri mumyiteguro y’ukwingirira umugera wa Coronavirus 2019

Ikiza ca coronavirus cibonekeje mu ntara ya Wuhan mu gihugu c’ubushinwa irabandanya gutera ibibazo kw’isi yose. Abantu bagera kubihumbi 6065 nibo bamaze kuboneka ko bafashwe niyo ngwara harimwo 68 bari mubushinwa. Igenekerezo rya 30 uyu mwaka, ubushiiranganji bw’amagara y’abantu hamwe na OMS OCHA UNICEF OIM barashize ahabona urutonde rw’ibikorwa vy’ukwingira iyo ngwara bafatiye kuvyo baribakoresheje mu kwirinda Ebola.

Harimwo nko guca kumugwi usanzwe warashinzwe kugirango ukinge ikiza ca Ebola nawo nyene uzobandanya igikorwa c’ugukinga ingwara ya coronavirus bitarenze amasaha 72. HAriho n’ibikorwa bijanye n’ugukinga Ebola, nkugupima umucanwa ku bibuga kibuga c’indege ca Bujumbura no kuyindi mipaka hacako uruza n’uruja rw’abantu bizokoreshwa no gukinga ingwara ya coronavirus. Amavuriro menshi asanzwe yarahawe ibikoresho vy’o gukinga iyo ngwara be n’ubuhinga bwo guhana amakuru.

Mu mayinga akurikira, hazorangurwa ibikorwa bikurikira :

Gutanga ubumenyi ku batabara vy’ihuta be n’ukuvura ingwara zijanye n’uguhema nabi

Gushira ibikoresho vy’ukwikinira iyo ngwara ku mipaka

Gushiraho za rusehabaniha zijejwe kurerura abaketsweko boba bafise iyo ngwara

Gushira ibikoresho mu bigo bivura iyo ngwara

Gupima ingenzi zoba zigwaye

Gukarisha ubwenge kubavuzi kugirango bashobore kuvura iyo ngwara

Kuwa mu ntango z’umwaka wa 2000, hariho ingwara zibonekeje zijanye n’uguhema nabi zoba zaratumye amagara y’abantu asinikara kw’isi, nka SRAS, akamangu H1N1 be na MERS. OMS iramaze kumenyesha yuko coronavirus ibaye ikiza kwisi gikomeye c’ukwitondera aho hari kw’igenekerezo rya 30 nzero.

Iyo ngwara ikaba ishobora guhanahanwa vyihuse biciye kukuntu hibonekeza igwirirana ry’abantu, ihinduka ry’ibihe, ibisagara birwirirana, ingenzi be n’imunzi zibonekeza kw’isi.

Kugirango murnke inkuru kuri ico kiza ca nCoV 2019, mwugurure ngaha : https://www.who.int/emergencies/diseases/novel-coronavirus-2019/situation-reports/

Ibisabwa nyamukuru kugira umuntu yirinde iyo ngwara navyo mwobisanga ngaha : https://hr.un.org/page/novel-coronavirus-2019-ncov

URL:

Yuguruwe: